Last updated on August 1st, 2024 at 12:48 pm
Umunsi umwe uruyongoyongo rwarakugendeye ruraritse urunwa n’urujosi ruza kugera ku nkombe y’uruzi. Rurabukwa ifi ebyiri mu mazi hafi y’inkombe y’uruzi. Ruba rwarazifashe iyo rubishaka, ariko kubera rwari rutarasonza ruriraramira.
Hashize umwanya, akayara kararushikura. Haza kuza agafi gatoya, uruyongoyongo rwanga kugafata! Ubwo busa! Ngo rutegereje amaronko ari buruhaze.
Rwamaze guhererwa, kandi inzara irurembeje; rupfa kwagukira akanyamunjonjorerwa. Inzara da!
“Urwanira byinshi ukabura na duke wari ufite”
Leave a comment